Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 24:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maz’ izo ngabo za Dawidi ziramubarira, zit’ Uyu ni wa musi Uhoraho yakubgira kw azogabura umwansi wawe mu maboko yawe, ng’ uz’ umugire uk’ ugomba. Dawidi ava hasi, acacura umutwe w’impuzu ya Sauli buhoro‐buhoro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 24:4
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ uwo mutwe wa Ishibosheti bawushīra umwami Dawidi i Heburoni, baramubarira, bati Nguyu umutwe wa Ishibosheti umwana w’ umwansi wawe Sauli, yahora aguhīga; Uhoraho ashubirije Sauli mu nkōko, n’abana biwe, abaguhōye, mwami wacu nyen’ ingoma.


Kand’ asangw’ abo mu rugo rwanje batavuga, Bati Ni nde yobona umuntu n’umwe atāhāgijwe n’inyama yagabura?


Ndatakambishiriza Uhoraho ijwi ryanje: Ijwi ryanje ndaryingingisha Uhoraho.


Ngirira ikigongwe Mana, ngirira ikigongwe, Kuk’ ubugingo bganje buronka ubuhungiro muri wewe: Mbere no mu gitūtu c’ amababa yawe ni ho ngira mpungire, Gushitsa ah’ ibi vyago birenganira.


Arik’ uwobigira atavyitumye, ari jewe Imana ntumye amugwa mu maboko, nzokurangira ah’ azohungira.


Nuko Dawidi avayo, arahunga, aja mw isenga ry’i Adulamu. Bukeye bakuru be na bene wabo bose bavyumvise, baramanuka bamusangayo.


Aramubarira, ati Reka gutinya, kuk’ ukuboko kwa data Sauli kutazogushikīra; kand’ uzoba umwami w’Abisirayeli, nanje nzoba uwa kabiri kuri wewe; kandi data Sauli na we arabizi.


Bukeye babarira Sauli yuko Dawidi yagiye i Keyila; Sauli aravuga, at’ Imana imugabuye mu maboko yanje, yitaye mu mutego, ko yagiye mu gisagara cugazwa inzugi n’ibihindizo.


Aho ntubonye k’Uhoraho yar’ akugabuye mu maboko yanje uyu musi, mur’ iri senga? Mbere harih’ abāmbgiye kukwica, ariko ndakwirekera, nti Sinokoza ukuboko kuri databuja, nti Kukw ari we Uhoraho yimikishije amavuta.


Kand’ uyu musi werekanye k’ungiriye neza, kuk’ Uhoraho yari yangabuye mu maboko yawe, ntunyice.


Uhoraho azokwishura umuntu wese ukugororoka kwiwe n’ukuyoboka kwiwe; ereg’ uyu musi Uhoraho yari yakumpaye, ndaheza nanka kubangura ukuboko ku wimikishijwe amavuta n’Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ