22 Nuko Dawidi aramurahira. Sauli araheza yisubirira i we, Dawidi n’ingabo ziwe baradūga baja mw isenga.
Mur’ iyo misi, Abimeleki azanana na Fikoli umugabisha w’ ingabo ziwe, abarira Aburahamu, at’ Imana iri kumwe nawe mu vyo ukora vyose;
none rer’ enda n’undahirire Imana aha nyene yuk’ utazongunga, cank’ umwana wanje, cank’ umwuzukuru wanje: ariko k’uzonyishura ivyiza, twe n’iki gihugu wabayemw’ ur’ inyambukīra, nk’uko nabikugiriye nanje.
ni muduhe abantu ndwi mu bahungu biwe, tubamanike imbere y’Uhoraho i Gibeya, ahāri kwa Sauli uwo Uhoraho yatoranije. Umwami arabishura, ati Nzobabaha.
Arik’ umwami Dawidi arēngāna Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli, kubg’ indahiro bārahiriye imbere y’ Uhoraho, bo na Yonatani nyene, mwene Sauli.
Ariko Yesu we ntiyabīshimira, kuko yar’ azi abantu bose,
Nuko Dawidi avayo, aradūga, aja kuba mu masenga y’i Eni‐gedi.
Maze Sauli abarira Dawidi, at’ Uragahezagirwa, mwananje Dawidi! Uzokora ivy’ ubuhizi, kand’ uzotsinda nta kabuza. Nuko Dawidi arīgīra, Sauli na we asubira i we.