21 None rero ndahira Uhoraho k’utazorandura uruvyaro rwanje, kandi k’utazozimiriza izina ryanje mu nzu ya data.
none rer’ enda n’undahirire Imana aha nyene yuk’ utazongunga, cank’ umwana wanje, cank’ umwuzukuru wanje: ariko k’uzonyishura ivyiza, twe n’iki gihugu wabayemw’ ur’ inyambukīra, nk’uko nabikugiriye nanje.
Labani aravuga, at’ Iki kigūngūzi kibaye icabona hagati ya twe nawe uyu musi. Ni co catumye citwa Galedi:
Imana ya Aburahamu, Imana ya Nahori, Imana ya se w’abo bompi, n’ibe kamaramagambo hagati yacu. Yakobo arahira Iyo se Isaka yubaha.
Kukw abantu bagira indahiro ūbaruta, no mu mpāri zabo zose indahiro irengeje ikaba ari yo iziheraheza.
Aramubarira, ati Reka gutinya, kuk’ ukuboko kwa data Sauli kutazogushikīra; kand’ uzoba umwami w’Abisirayeli, nanje nzoba uwa kabiri kuri wewe; kandi data Sauli na we arabizi.
Ndakwinginze, mpangaza jewe umuja wawe, umparire igicumuro canje: Uhoraho ntazobura guha inzu yawe kurama, kuk’ urwana intambara z’Uhoraho, mugenzi, kandi nta kibi kizokubonekako imisi yose uzoba uriho.
Nuko mugenzi, Uhoraho ni yamara kugushitsakw ivyiza vyose yakuvuzeko, akaguhindura segaba w’Abisirayeli,