20 Kandi rero ndazi k’utazobura kuba umwami, kandi kw ari wewe uzotuma ingoma y’Abisirayeli ihangama.
Kuko yabanguriye Imana ukuboko kwiwe, Akīnantaza kw Īshobora vyose,
Umwansi n’ampīge, anshikīre, Ego n’ahonyangire ubugingo bganje mw ivu, N’ashire icubahiro canje mu mukungugu. Sela.
Umwansi wawe ni yasonza umugaburire, Ni yagira inyota umuhe amazi yo kunywa:
Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice.
Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge.
Uhoraho akwishure ivyo wakoze, uhabge impēra ishitse n’ Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, wahungiye musi y’amababa yayo.
Ariko noneh’ ubgami bgawe ntibuzohangama; Uhoraho aramaze kwironderera umuntu ameze nk’uk’ umutima wiwe ugomba; kandi ni we Uhoraho yashinze ngw az’ abe segaba w’abantu biwe, kuk’ utumviye ic’ Uhoraho yakugeze.
Aramubarira, ati Reka gutinya, kuk’ ukuboko kwa data Sauli kutazogushikīra; kand’ uzoba umwami w’Abisirayeli, nanje nzoba uwa kabiri kuri wewe; kandi data Sauli na we arabizi.
Maze Sauli abarira Dawidi, at’ Uragahezagirwa, mwananje Dawidi! Uzokora ivy’ ubuhizi, kand’ uzotsinda nta kabuza. Nuko Dawidi arīgīra, Sauli na we asubira i we.