18 Kand’ uyu musi werekanye k’ungiriye neza, kuk’ Uhoraho yari yangabuye mu maboko yawe, ntunyice.
Yuda yemera kw ar’ ivyiwe, at’ Arantsinze, kuko ntamuhaye Shela umwana wanje. Nuko Yuda ntiyongera kumwegera ukundi.
Kandi ntiwantanze mu maboko y’umwansi; Washize ibirenge vyanje ahantu hāgutse.
Umwansi n’ampīge, anshikīre, Ego n’ahonyangire ubugingo bganje mw ivu, N’ashire icubahiro canje mu mukungugu. Sela.
Kuk’ uzoba umurunzekw amakara yaka ku mutwe, Kand’ Uhoraho azoguhēra.
Maze Dawidi arongera arabaza, ati Non’ abantu b’i Keyila bazontanga twe n’ingabo zanje mu maboko ya Sauli? Uhoraho aramwishura, ati Bazogutanga.
Bukeye babarira Sauli yuko Dawidi yagiye i Keyila; Sauli aravuga, at’ Imana imugabuye mu maboko yanje, yitaye mu mutego, ko yagiye mu gisagara cugazwa inzugi n’ibihindizo.
Aho ntubonye k’Uhoraho yar’ akugabuye mu maboko yanje uyu musi, mur’ iri senga? Mbere harih’ abāmbgiye kukwica, ariko ndakwirekera, nti Sinokoza ukuboko kuri databuja, nti Kukw ari we Uhoraho yimikishije amavuta.
Mbeg’ umuntu yobona umwansi wiwe, agaheza agapfa kumureka akīgīra? Uragahabga ingororano nziza n’Uhoraho, ku vy’ unkoreye uyu musi.
Uhoraho azokwishura umuntu wese ukugororoka kwiwe n’ukuyoboka kwiwe; ereg’ uyu musi Uhoraho yari yakumpaye, ndaheza nanka kubangura ukuboko ku wimikishijwe amavuta n’Uhoraho.
Maze Abishayi abarira Dawidi, at’ Uyu musi Imana igabuye umwansi wawe mu maboko yawe; none rero reka ndamuzibure icumu rimwe gusa, rishinge hasi, sinsubīra ubga kabiri.