17 Abarira Dawidi, at’ Undushije kugororoka, kuk’ ungiriye neza, nanje jeho nakugiriye nabi.
Yuda yemera kw ar’ ivyiwe, at’ Arantsinze, kuko ntamuhaye Shela umwana wanje. Nuko Yuda ntiyongera kumwegera ukundi.
Kand’ azokwerekana ukugororoka kwawe nk’umuco, N’urubanza rwawe ruroranye nk’igihe co mu mashōka.
Farawo atuma guhamagaza Mose na Aroni, arababgira, at’ Ubu ho nkoze icaha: Uhoraho aratsinze, twe n’abantu banje turatsinzwe.
ati Nācumuye, naguze amaraso y’ūtagira icaha. Na bo baramwishura, bati Bidutwaye iki? N’ivyawe.
Ariko jeho ndababgire: Mukunde abansi banyu, musabire ababahama,
Maze Sauli amenya ijwi rya Dawidi; aramubaza, at’ Ah’ iryo jwi n’iryawe, ga mwana wanje Dawidi? Dawidi aramwishura, ati N’iryanje, mwami wanje nyen’ ingoma.
Sauli aramwishura, ati Nakoze icaha; garuka mwananje Dawidi; sinzosubira kukugirira nabi, kukw amagara yanje yabaye agakomeye kuri wewe uyu musi; erega narabaye ikijuju, nakoze nabi cane.