Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 24:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Nuko Dawidi amaze kubarira Sauli ayo majambo, Sauli aravuga, at’ Ah’ iryo jwi n’iryawe, ga mwana wanje Dawidi? Maze Sauli araturikisha ararira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 24:16
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Sarayi abarira Aburamu, at’ Aka gakēngērwe nkēngerewe kazoba ku mutwe wawe! Ko nashize incoreke yanje mu gikiriza cawe, maz’ ibonye kw ifise inda ica irankēngēra! Uhoraho n’aducire urubanza twe nawe!


Ku musi ugira indwi Imana inonosora ibikorwa vyayo yakoze; iruhuka ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose yakoze.


Esau ariruka aramusanganira, amugwa mu gikiriza, amurenganyakw amaboko, aramugūmbīra: baca bararira.


Maze Mpwemu aca aza kuri Amasayi, umukuru wa ba bandi mirongwitatu, aravuga, ati Tur’ abawe, Dawidi; turi ku ruhande rwawe, wewe mwene Isayi! Amahoro, amahoro abe kuri wewe, abe no ku bagutabara, kukw Imana yawe ari yo igutabara. Nuko Dawidi arabākīra, abagira abagabisha bo kugaba ibitero.


Ereg’ amajambo y’ukuri agira ububasha! Arikw ibihāri vyanyu bimaze iki?


Umbūranire, uncungure: Ungire muzima, nk’ukw ijambo ryawe ryavuze.


Ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake, Arikw ijambo ribabaza rivyura ishavu.


Ijambo rivuzwe mu buryo bubereye Ni nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza.


kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.


ariko ntibashobora gutsinda ubgenge na Mpwemu bimuvugisha.


Uti We nta co agukoreye, ni wewe umugiriye nabi k’uje kumutera. Ut’ Uhoraho Umucamanza uyu musi ni yerekane Abisirayeli n’Abamoni abatsinze ab’ ari bo.


Maze Sauli amenya ijwi rya Dawidi; aramubaza, at’ Ah’ iryo jwi n’iryawe, ga mwana wanje Dawidi? Dawidi aramwishura, ati N’iryanje, mwami wanje nyen’ ingoma.


Kandi nk’ukw amagara yawe yabaye agakomeye kuri jewe uyu musi, az’ abe ari kw ayanje aba agakomeye k’Uhoraho, ankize amagorwa yose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ