Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 24:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 None rer’ Uhoraho n’abe umucamanza, aducīre urubanza twe nawe, n’avyitegereze, ambūrane, ankūre mu maboko yawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 24:15
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uko ni k’umwami Yowasi atibutse ineza Yehoyada se w’uwo Zekariya yamugiriye, akamwicira uwo mwana wiwe nyene. Akirikw arapfa, yaravuze, at’ Uhoraho n’arābe ibi, abihōre.


Umbūranire, uncungure: Ungire muzima, nk’ukw ijambo ryawe ryavuze.


Uhoraho we, būrana n’abambūranya, Rwana n’abandwanya.


Mana, uncire urubanza, umbūranire n’ihanga ritagira imbabazi: Unkize ingunge n’ūdambikanya.


Ni mwumve, mwa moko yose mwe; tega amatwi nawe wa si, n’ibiri muri wewe vyose! Umwami Uhoraho n’abe icagiriza canyu, Umwami ari mu rusengero rwiwe rwera.


Nzokwihanganira ubushangashirwe bg’Uhoraho, kuko namugararije, gushitsa ah’ azombūranira, akantsindira. Azonsohokana anshikane mu muco, nanje nzokwitegereza ukugororoka kwiwe.


Uti We nta co agukoreye, ni wewe umugiriye nabi k’uje kumutera. Ut’ Uhoraho Umucamanza uyu musi ni yerekane Abisirayeli n’Abamoni abatsinze ab’ ari bo.


Wa Mufilisitiya abaza Dawidi, ati Mbeg’ ugira ngo nd’ imbga, k’uje kundwanya ufise inkoni? Araheza avuma Dawidi mu mazina y’imana ziwe.


Uhoraho n’aducire urubanza twe nawe, Uhoraho n’abe ari we azokumpōra; arik’ ukuboko kwanje ntikuzogukorako.


Bukeye Dawidi yumvise ko Nabali yapfuye, aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, yambūranye, akankūrakw ibitētērwa Nabali yari yanteye, agatako jewe umusavyi wiwe akambuza gukora icaha; kand’ inabi ya Nabali Uhoraho akayimusubiza ku mutwe. Hanyuma Dawidi atuma kuri Abigayili kumuresha ngw amucūre.


None rero ntiwemere kw amaraso yanje azosēswa kure y’ah’ Uhoraho aba; erega mwami w’ Abisirayeli, wazanywe no guhīga imbaragasa, nk’ūhīga inkware mu misozi.


aca atuma inderetsi; maz’ amenye ko Sauli aje koko,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ