Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 24:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kandi ga muvyeyi, ehe rāba nguyu umutwe w’impuzu yawe mu ntoke zanje! Ko nacacuye umutwe w’impuzu yawe sinkwice, none rero n’umenye kand’ ushirwe kw ata kibi cank’ ubugarariji ngufiseko; kandi sinagucumuyeko, nah’ umpīga ng’ unyice.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 24:11
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Dawidi aramubaza, ati N’iki caguteye kwubahuka, ntutinye kubangura ukuboko, ukica uwo Uhoraho yimikishije amavuta?


Abantu biwe baramwēgēra, baramubarira, bati Mbega mutungwa, iyaba uyo muvugishwa n’Imana akurangiye ikintu kigoye, ntiwari kugikora? Nkanswe kukubarira, ngw Iyuhagire uhumanuke?


Kandi n’iyo novyutsa umutwe, woca umpīga nk’intambge; Maz’ ukongera kunyiyereka ur’ akūmiza.


Abahambaye bampamiye ubusa; Arik’ umutima wanje wubaha amajambo yawe.


Sakirimikibi ntazokomezwa mu gihugu: Ibibi bizohama umuntu w’ ikirara kugira ngo bimuhenebereze.


Kuko banteze umutego mu cobo ata nyanduruko, Kandi bimbiye ubugingo bganje ata nyanduruko.


Kuko rāba, babundiye ubugingo bganje; Abahizi barankoraniye, Atari kubg’ icanje gicumuro cank’ icanje caha, Uhoraho.


Umwansi n’ampīge, anshikīre, Ego n’ahonyangire ubugingo bganje mw ivu, N’ashire icubahiro canje mu mukungugu. Sela.


Ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake, Arikw ijambo ribabaza rivyura ishavu.


Baraturyamiye, bituma tudashobora guca mu nzira zacu: Iherezo ryacu riri hafi, imisi yacu irashize; ni koko iherezo ryacu rirashitse.


ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Bazobona ibara, abagore bapfundika ibiheko mu ngingo z’amaboko yose, bakabarīra imyitwikiro yo ku mitwe y’abantu, ukw ikirēho c’umuntu wese kiri, uti Kugira ngo babone ingene bafata abantu! Uti Mbega mwofata abantu biwe, namwe mukīkiza?


Abubaha Imana baraherengeteye mw isi, kandi mu bantu nta n’umwe atunganye: bose babundira kuvisha amaraso, umuntu wese ahīga mugenzi we ngw amute mu ruriba.


Ariko vyabaye birtyo kugira ngw ijambo ryanditswe mu vyagezwe vyabo rishike, ngo Bānyankiye ubusa.


Ehe ndi hano: ni munyagirize imbere y’Uhoraho n’imbere y’uwo yimikishije amavuta. Mbega har’ uwo nanyaze inka? Canke har’ uwo nanyaze indogoba? Har’ uwo nagunze? Har’ uwo natwaje igitugu? Canke har’ uwo nātse impongano ikampuma amaso? Vuga ndabarihe.


Igihe gishinzwe kitaragera, Dawidi ahagurukana n’ingabo ziwe, yica mu Bafilisitiya abagabo amajana abiri; nuko Dawidi atabarukana ubugabo bgabo, babushikiriza umwami ukw igitigiri cabgo kingana, kugira ngo Dawidi abone kuba umukwe w’umwami. Nuko Sauli amushingira umukobga wiwe Mikali.


Nuko Dawidi aba mu masenga yo mu bugaragwa, aguma mu mugamba wo mu bugaragwa bg’i Zifu. Sauli akāma amurondera uko bukeye, arikw Imana ntiyamugabura mu maboko yiwe.


Nuko murābe mwitegereze utunyegero twiwe twose aho yihisha; muheze mungarukanire inkuru y’imvāho, nanje nzoheza njane namwe: kandi namb’ ari mur’ ico gihugu, nzomusesangura mu masinzi yose y’ Abayuda.


Ndakwinginze, mpangaza jewe umuja wawe, umparire igicumuro canje: Uhoraho ntazobura guha inzu yawe kurama, kuk’ urwana intambara z’Uhoraho, mugenzi, kandi nta kibi kizokubonekako imisi yose uzoba uriho.


Ati Mbega mugenzi, umpīgira iki, jewe umusavyi wawe? Nakoze iki? Ndikw igicumuro ki?


None rero ntiwemere kw amaraso yanje azosēswa kure y’ah’ Uhoraho aba; erega mwami w’ Abisirayeli, wazanywe no guhīga imbaragasa, nk’ūhīga inkware mu misozi.


Uhoraho azokwishura umuntu wese ukugororoka kwiwe n’ukuyoboka kwiwe; ereg’ uyu musi Uhoraho yari yakumpaye, ndaheza nanka kubangura ukuboko ku wimikishijwe amavuta n’Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ