Maz’ umwami abarira Abiyatari umuherezi, ati Hoji genda, subira i Anatoti mw ishamvu yawe; war’ ukwiye gupfa, arik’ ubu sinkwica, kuko wagenda ureruye isandugu y’Uhoraho Imana imbere ya data Dawidi, kandi kuko wababarana na we mu vyamubabaje vyose.
Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu: