Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 23:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nuko Sauli ahamagaza ingabo zose ngo zitabare, zije gutera i Keyila, zūgarize Dawidi n’ingabo ziwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 23:8
4 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami abarira Abiyatari umuherezi, ati Hoji genda, subira i Anatoti mw ishamvu yawe; war’ ukwiye gupfa, arik’ ubu sinkwica, kuko wagenda ureruye isandugu y’Uhoraho Imana imbere ya data Dawidi, kandi kuko wababarana na we mu vyamubabaje vyose.


Nuko Dawidi arasenga, at’ Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, jewe umusavyi wawe numvise inkuru y’imvāho yuko Sauli agomba gutera i Keyila, ngw arandure iki gisagara agihōra jewe.


Bukeye babarira Sauli yuko Dawidi yagiye i Keyila; Sauli aravuga, at’ Imana imugabuye mu maboko yanje, yitaye mu mutego, ko yagiye mu gisagara cugazwa inzugi n’ibihindizo.


Dawidi amenye ko Sauli yamugīriye inama mbi, abarira Abiyatari umuherezi, ati Zana hano efodi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ