Maz’ umwami abarira Abiyatari umuherezi, ati Hoji genda, subira i Anatoti mw ishamvu yawe; war’ ukwiye gupfa, arik’ ubu sinkwica, kuko wagenda ureruye isandugu y’Uhoraho Imana imbere ya data Dawidi, kandi kuko wababarana na we mu vyamubabaje vyose.
Nuko Dawidi ahagurukana n’ingabo ziwe, baja i Keyila, barwana n’Abafilisitiya, banyaga inka zabo, babatikiza agatikizo gakomeye. Uko ni ko Dawidi yatabaye ababa i Keyila.