Hanyuma y’ivyo, Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega ndūge, nimukire mu gisagara kimwe mu vy’i Buyuda? Uhoraho aramwishura, at’ Ego me dūga. Dawidi ati Nje hehe? Aramwishura, ati Ja i Heburoni.
Maze Dawidi asiguza Imana, ati Mbega ndūge nje gutera Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko yanje? Uhoraho aramwishura, ati Dūga ubatere, kuko nzobagabura mu maboko yawe.
Arikw ingabo za Dawidi ziramubaza, ziti Ko twari dusanzwe dufise ubgoba tukir’ ino i Buyuda, ni twaja i Keyila kurwana n’ingabo z’Abafilisitiya bizocura iki?
Nuko Dawidi ahagurukana n’ingabo ziwe, baja i Keyila, barwana n’Abafilisitiya, banyaga inka zabo, babatikiza agatikizo gakomeye. Uko ni ko Dawidi yatabaye ababa i Keyila.