29 Nuko Dawidi avayo, aradūga, aja kuba mu masenga y’i Eni‐gedi.
Barakevya, bashika Eni‐mishipati (ari h’i Kadeshi), bazingazinga igihugu cose c’Abamaleki, bo n’ Abamori baba i Hasasoni‐tamari.
Maze haza imbūri zibarira Yehoshafati, zit’ Uratewe! Haje ingabo nyinshi z’isinzi zivuye i Siriya hakurya y’ikiyaga; kand’ ubu zigeze i Hasasoni‐tamari (ari ho Eni‐gedi).
Umukunzi wanje ammereye nk’agati kitwa koferu gashuritse udushurwe tw’uturundo Kaba mu nzabibu zo muri Eni‐gedi.
Kand’ abarovyi bazohagarara ku nkombe zaco; uhereye kuri Eni‐gedi ugashitsa kuri Enegulayimu hazoba aho gutera insenga; hazobamw’ amafi y’uburyo bginshi, nk’amafi yo mu kiyaga kinini, kand’ azoba ari menshi cane.
na Nibushani n’Igisagara c’Umunyu na Eni‐gedi; vyar’ ibisagara bitandatu bifise imihana ibikūkira.
Nuko Sauli arahindukira, areka gukurikira Dawidi, aja kurwanya Abafilisitiya: ni co catumye aho hantu bahita Sela‐hamalekoti.
Bukeye Sauli atabarutse, avuye kwirukana Abafilisitiya, baramubarira, bat’ Erega Dawidi ari mu bugaragwa bg’i Eni‐gedi.
Nuko Dawidi aramurahira. Sauli araheza yisubirira i we, Dawidi n’ingabo ziwe baradūga baja mw isenga.