Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 23:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Nuko Sauli arahindukira, areka gukurikira Dawidi, aja kurwanya Abafilisitiya: ni co catumye aho hantu bahita Sela‐hamalekoti.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 23:28
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubugingo bgacu bukize nk’ ukw inyoni iva mu mutego w’abatezi, Umutego uracitse, natwe tuvamwo turarokoka.


Nuko Sauli n’ingabo ziwe baja kumurondera, ariko Dawidi arabūrirwa; araheza aramanuka, aja ku gitandara co mu bugaragwa bg’i Mayoni, yigumirayo. Sauli avyumvise, akurikira Dawidi mur’ ubgo bugaragwa bg’i Mayoni nyene.


haza intabaza kuri Sauli, iramubarira, iti Ngwino tebuka, kukw Abafilisitiya bateye igihugu.


Nuko Dawidi avayo, aradūga, aja kuba mu masenga y’i Eni‐gedi.


Bukeye Sauli atabarutse, avuye kwirukana Abafilisitiya, baramubarira, bat’ Erega Dawidi ari mu bugaragwa bg’i Eni‐gedi.


Nuko Sauli ahitana ingabo ibihumbi bitatu zitoranijwe mu Bisirayeli bose, baja kurondera Dawidi n’ingabo ziwe mu bitandara ah’ impene z’inyeshamba ziba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ