27 haza intabaza kuri Sauli, iramubarira, iti Ngwino tebuka, kukw Abafilisitiya bateye igihugu.
Aburahamu yita aho hantu Yehova‐yire, nk’uko bavuga na bugingo n’ubu, bati Ku musozi w’Uhoraho ni ho bironkeka.
Bukeye umwami w’i Ashuri yumvise bavuga Tiruhaka umwami w’i Etiyopiya, bat’ Araje kugutera; yongera gutuma intumwa kuri Hezekiya,
Bukeye Abafilisitiya basubira gusagaza ubugira kabiri kur’ uwo mwonga nyene.
Ingoyi z’urupfu zaranyizingiriyeko, Uburibge bg’i kuzimu bgaramfashe: Mbona ivyago n’umubabaro.
Kuk’ Uhoraho azocira urubanza abantu biwe, Azokwirīmbūra ku vyo agirira abashumba biwe, Ni yabona yuk’ ubushobozi bgabo buheze, Ata wugisigaye, n’iyo yoba imbohe cank’ uwidegemvya.
Isi itabara uwo mugore, yasamika akanwa kayo, imira uruzi ca gisato casendanishije.
Ashitseyo, ajana uruhande rumwe rw’umusozi, Dawidi n’ingabo ziwe bajana urundi. Dawidi akirikw aranyaragasa ngw ahunge Sauli, Sauli na we n’ingabo ziwe bakirīko baratangatanga irya n’ino Dawidi n’ingabo ziwe ngo babafate,
Nuko Sauli arahindukira, areka gukurikira Dawidi, aja kurwanya Abafilisitiya: ni co catumye aho hantu bahita Sela‐hamalekoti.
Akishi ngw amubaze, at’ Uyu musi wateye hehe? Dawidi akamwishura, ati Nateye i bumanuko mu Buyuda; cank’ ati Nateye i bumanuko mu ba Yerameyeli; cank’ ati Nateye i bumanuko mu Banyakeni.