24 Nuko bava hasi, baja i Zifu, bitangiye imbere ya Sauli. Ariko Dawidi n’ingabo ziwe bāri mu bugaragwa bg’i Mayoni, mu kiyaya Araba, ahahera i bumanuko bg’ubugaragwa.
Hāri na Mayoni na Karumeli na Zifu na Yuta,
Nuko murābe mwitegereze utunyegero twiwe twose aho yihisha; muheze mungarukanire inkuru y’imvāho, nanje nzoheza njane namwe: kandi namb’ ari mur’ ico gihugu, nzomusesangura mu masinzi yose y’ Abayuda.
Nuko Sauli n’ingabo ziwe baja kumurondera, ariko Dawidi arabūrirwa; araheza aramanuka, aja ku gitandara co mu bugaragwa bg’i Mayoni, yigumirayo. Sauli avyumvise, akurikira Dawidi mur’ ubgo bugaragwa bg’i Mayoni nyene.
Hār’ umuntu w’i Mayoni, itunga ryiwe ryar’ i Karumeli; yar’ umutunzi cane, yar’ afise intama ibihumbi bitatu n’impene igihumbi; ico gihe yarikw arakemuriza ubgoya bg’intama ziwe i Karumeli.