20 None rero mugenzi, n’umanuke nk’uk’ ugomba; kandi ni twebge tuzomugabura mu maboko yawe, mugenzi.
Maze Abuneri abarira Dawidi, ati Hinge ngende, ngagamure Abisirayeli bose baze ah’ uri, mwami wanje nyen’ ingoma, kugira ngo basezerane nawe, ubone kubaganza bose nk’uk’ ugomba. Nuko Dawidi arekura Abuneri, agenda amahoro.
Umunyakibi azobirāba, ababare; Azoryanya insya z’amenyo, ahwere mu kajisho: Ico umunyakibi yifuza kizobura.
Kukw abanyamahanga bāmpagurukiye, N’abantu b’ibirara barondeye ubugingo bganje, Batāshize Imana imbere yabo. Sela.
Ivyo abagororotsi bifuza bibazanira ivyiza gusa, Arikw ivyo abanyakibi bishimira bibazanira kurakirwa.
Ewe munyakibi, ntukabunde ku rugo rw’umugororotsi, Ntugasangangure umuhana wiwe;
Benshi barondera kwitonesha k’ūganza, Arik’ ukuroranirwa kw’umuntu kuva k’Uhoraho.
Kand’ Umulewi ni yava i wanyu ah’ aba, ah’ ari ho hose muri mwebge Abisirayeli, akaja ahantu Uhoraho azoba yātoranije, ashobora kuza ah’ agombeye hose,
Maze Dawidi arongera arabaza, ati Non’ abantu b’i Keyila bazontanga twe n’ingabo zanje mu maboko ya Sauli? Uhoraho aramwishura, ati Bazogutanga.
Sauli arabishura, ati Muragahezagirwa n’Uhoraho kuko mwambabaye!