Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 23:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nuko Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega nje kurwanya abo Bafilisitiya? Uhoraho yishura Dawidi, ati Genda ubarwanye, utabare ab’i Keyila.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 23:2
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma y’ivyo, Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega ndūge, nimukire mu gisagara kimwe mu vy’i Buyuda? Uhoraho aramwishura, at’ Ego me dūga. Dawidi ati Nje hehe? Aramwishura, ati Ja i Heburoni.


Maze Dawidi asiguza Uhoraho, ati Ndūge nje gutera Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko yanje? Uhoraho aramwishura, ati Dūga ubatere, kuko ntazobura kugabura abo Bafilisitiya mu maboko yawe.


Maze Dawidi asiguje Uhoraho, aramwishura, ati Ntudūge ngo mubīsanganize, arik’ ugende inkerera‐mucamo, mubaturuke inyuma, aharābana n’ibiti vyitwa imibaka.


Maze Dawidi asiguza Imana, ati Mbega ndūge nje gutera Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko yanje? Uhoraho aramwishura, ati Dūga ubatere, kuko nzobagabura mu maboko yawe.


Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, Nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako.


Uhoraho, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.


Kand’ az’ ahore ahagarara imbere ya Eleyazari umuherezi, amutume kuza imbere yanje kumbaza, apfindishije Urimu; ijambo rya Eleyazari rize ribe ari ryo ribaturutsa, ribacūre, Yosuwa n’Abisirayeli bose, mbere n’ishengero ryose.


Maz’ Abisirayeli bemezwa n’ izo mpamba, batarinze kugīsha inama Uhoraho.


Yosuwa amaze gupfa, Abisirayeli babaza Uhoraho, bati Muri twebge ni nde azobanza kuja gutera Abanyakanani ngw abarwanye?


Nuko bongera gusiguza Uhoraho, bati Mbeg’ uwo muntu yoba ataraza? Uhoraho arabishura, at’ Ereg’ arinyegeje mu bintu vy’intēkera.


Nuko Sauli asiguza Imana, ati Mbega mmanuke nkurikire Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko y’Abisirayeli? Arik’ uwo musi ntiyamwishura.


Arikw ingabo za Dawidi ziramubaza, ziti Ko twari dusanzwe dufise ubgoba tukir’ ino i Buyuda, ni twaja i Keyila kurwana n’ingabo z’Abafilisitiya bizocura iki?


Nuko Dawidi yongera gusiguza Uhoraho. Uhoraho aramwishura, ati Haguruka umanuke uje i Keyila, kuko nzogabura Abafilisitiya mu maboko yawe.


Kand’ igihe Abiyatari mwene Ahimeleki yahungira iyo Dawidi ari, yamanukanye efodi i Keyila.


Dawidi araheza asiguza Uhoraho, ati Mbega ni nakurikira ico gitero nzogihamvya? Aramwishura, ati N’ubakurikire, kuk’ utazobura kubahamvya, ukabāka vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ