18 Bompi baraheza basezeranira isezerano imbere y’Uhoraho; maze Dawidi yigumira i Horeshi, Yonatani asubira i we.
Arik’ umwami Dawidi arēngāna Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli, kubg’ indahiro bārahiriye imbere y’ Uhoraho, bo na Yonatani nyene, mwene Sauli.
Bukeye Dawidi arabaza, ati Mbega har’ agasigarira mu nzu ya Sauli koba kakiriho, kugira ngo ndamugirire neza kubga Yonatani?
Nuko Dawidi amaze kugānīra na Sauli, umutima wa Yonatani uca ufatana n’uwa Dawidi akaramata, Yonatani amukunda nk’uko yikunda.
Bukeye Yonatani asezerana isezerano na Dawidi, kuko yar’ amukunze nk’uko yikunda.
Maze Yonatani abarira Dawidi, ati Genda amahoro, ko twarahiye mw izina ry’Uhoraho, tukavuga, tut’ Uhoraho azoba hagati yacu no hagati y’ uruvyaro rwacu gushitsa ibihe vyose. Nuko Dawidi arahaguruka aragenda; Yonatani na we asubira mu gisagara.
Nuko rer’ ungirire neza, jewe umusavyi wawe, kuko wansezeraniye isezerano imbere y’Uhoraho. Ariko namba har’ igicumuro mfise, n’unyiyicire ubgawe: n’iki cotuma urinda kunshīra so?
Maze Dawidi aja i Nobu kwa Ahimeleki umuherezi; Ahimeleki aza kumusanganira ahinda agashitsi; aramubaza, ati Vyagenze bite, k’uri wenyene ata waguherekeje?