16 Bukeye Yonatani mwene Sauli arahaguruka, aja iyo Dawidi ari i Horeshi, amuremēsha mu vy’ Imana.
Ndaheza mbiganira ingen’ ikiganza ciza c’Imana yanje cabaye kuri jewe, mbiganira n’amajambo umwami yambgiye; na bo baravuga, bati Ni tuve hasi twubake. Nuko bariyungunganya, bashirako bakora ico gikorwa ciza.
Nanje nobaremeshesha akanwa kanje, Kwirura kwo gupfa kubomboranya iminwa yanje kwoborohereza.
Ukw icuma gikarisha ikindi, Ni k’umuntu akarisha mugenzi we.
Ukw amavuta atāmirana n’ ibimota neza binezereza umutima, Ni ko n’uburyohe bg’umukunzi w’umuntu bumeze, buvuye mu nama zo mu mutima.
Ut’ Ibinyoma vyanyu ko mwabibabarishije umutima w’umugororotsi uwo jewe ntābabaje, mukaremesha umunyakibi kugira ngo ntāhindukire ngw ave mu nzira yiwe mbi, ngw akire;
ariko wewe nagusengeye ng’ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz’ uremeshe bagenzi bawe.
Umumarayika aramwiyereka, avuye mw ijuru, amuha intege.
Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi.
Arik’ uhanūre Yosuwa, umuremēshe, umutēre gushikama, kukw ari we azorujabuka arōngōye abo bantu, akabinjiza igihugu uzoja kurāba.
Weho mwana wanje, ugirire ubushobozi mu buntu buri muri Kristo Yesu,
Maze Dawidi abonye ko Sauli amurondera ngw amwice, yigumira i Horeshi mu bugaragwa bg’i Zifu.
Maze Dawidi agira intuntu nyinshi, kukw abantu bāvuga nk’abagomba kumutera amabuye; bose bāri n’akabonge kubg’ abana babo b’abahungu n’abakobga; ariko Dawidi arīremēsha, yisunze Uhoraho Imana yiwe.