Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 23:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Nuko Dawidi aba mu masenga yo mu bugaragwa, aguma mu mugamba wo mu bugaragwa bg’i Zifu. Sauli akāma amurondera uko bukeye, arikw Imana ntiyamugabura mu maboko yiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 23:14
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni wewe bgihisho bganje, uzondinda amagorwa, Uzonkikiza impundu z’uko ndokotse. Sela.


Rāba, mba nyerereye ngashika kure, Nkarāra mu bugaragwa. Sela.


Kukw ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, Kandi bihutira kuvisha amaraso.


Ubgenge cank’ ukumenya Cank’ inama, biba ar’ ubusa imbere y’Uhoraho.


Kuko badasinzira, shiti bakoze ikibi; Kandi n’itiro ryabo riraguruka, iyo batagize uwo bagwisha.


Maz’ umwami abarira Yerameyeli umwana w’umwami na Seraya mwene Aziriyeli, na Shelemiya mwene Abudeli ngo bafate Baruki umukarani n’uwavugishwa n’Imana Yeremiya: arik’ Uhoraho arabahisha.


Ko bimeze birtyo, tuvuge iki? Bisanzwe Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde?


no guhamwa, n’imibabaro, nk’ivyambereyeko muri Antiyokiya no muri Ikoniyo n’i Lusitira; ivyo nihanganiye vyose mpamwa, kandi vyose Umwami wacu arabinkiza.


Hāri na Mayoni na Karumeli na Zifu na Yuta,


Maze Dawidi abonye ko Sauli amurondera ngw amwice, yigumira i Horeshi mu bugaragwa bg’i Zifu.


Bukeye babarira Sauli yuko Dawidi yagiye i Keyila; Sauli aravuga, at’ Imana imugabuye mu maboko yanje, yitaye mu mutego, ko yagiye mu gisagara cugazwa inzugi n’ibihindizo.


Kandi ga muvyeyi, ehe rāba nguyu umutwe w’impuzu yawe mu ntoke zanje! Ko nacacuye umutwe w’impuzu yawe sinkwice, none rero n’umenye kand’ ushirwe kw ata kibi cank’ ubugarariji ngufiseko; kandi sinagucumuyeko, nah’ umpīga ng’ unyice.


Maze Dawidi yiyumvira mu mutima, at’ Umusi munaka, Sauli azoteba anyice; nta cosumba ko nohungira mu gihugu c’ Abafilisitiya, Sauli akampebūra, ntasubire kundondera mu gihugu cose c’Abisirayeli; uko ni ko noba ndamukize.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ