12 Maze Dawidi arongera arabaza, ati Non’ abantu b’i Keyila bazontanga twe n’ingabo zanje mu maboko ya Sauli? Uhoraho aramwishura, ati Bazogutanga.
Kugira Uhoraho ubuhungiro kuri n’ikimazi Kuruta kwizigira abantu:
Mu gitondo unyumvishe imbabazi zawe, Kukw ari wewe nizigira: Ummenyeshe inzira nkwiye gucamwo, Kukw ari wewe ncurūrira umutima.
Kandi ntiwantanze mu maboko y’umwansi; Washize ibirenge vyanje ahantu hāgutse.
Umutima wanje uhwekereye ku Mana yonyene: Ni yo agakiza kanje kandurukako.
Bazobona ibara, abarondera kuzika inama zabo i kuzimu ngo bazihishe Uhoraho, ibikorwa vyabo bikaba mu mwiza, bakavuga, bati Ni nde atubona? kandi bati Ni nde atuzi?
Maz’ Uhoraho, urabimmenyesha, ndabimenya: uca unyereka ibikorwa vyabo.
Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.
Ab’i Buyuda barababaza, bati N’iki kibazanye kudutera? Barabishura, bati Tuzanywe no gufata Samusoni ngo tumubohe, tumugirire nk’ivyo yatugiriye.
Mbeg’ abantu b’i Keyila bazontanga mu maboko yiwe? Kandi Sauli azomanuka koko, nk’uko jewe umusavyi wawe navyumvise? Ewe Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, ndakwinginze barira umusavyi wawe. Uhoraho aramwishura, at’ Azomanuka.
None rero mugenzi, n’umanuke nk’uk’ ugomba; kandi ni twebge tuzomugabura mu maboko yawe, mugenzi.
Bukeye babarira Sauli yuko Dawidi yagiye i Keyila; Sauli aravuga, at’ Imana imugabuye mu maboko yanje, yitaye mu mutego, ko yagiye mu gisagara cugazwa inzugi n’ibihindizo.