Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 22:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Bukeye Dawidi aja i Misipa h’i Mowabu, asaba umwami w’i Mowabu, ati Ndakwinginze, wemerere data na mama bimukire ino, babe i wawe gushitsa aho nzomenyera ico Imana izongirira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 22:3
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yosefu agerēra se n’abo bavukana, abaha ishamvu mu gihugu ca Egiputa, aharuta ahandi ubgiza, mu ntāra y’i Ramesesi, nk’uko Farawo yageze.


Maz’ anesha Abanyamowabu, abarambika hasi mu mirongo, abageresha umugozi: agera imirongo ibiri, iba iyo kwicwa, uwa gatatu wose uba uwo guhangazwa. Nukw Abanyamowabu baca baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari.


Wubahe so na nyoko, kugira ng’urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha.


Ariko, umupfakazi wese, namb’ afise abana cank’ abuzukuru, ni babanze kwiga kwubaha Imana ku vyo bagirira ababo, no kwishura ivyiza abavyeyi babo: kukw ivyo ari vyo bishimwa mu nyonga z’Imana.


Maze Mpwemu w’Uhoraho aza kuri Yefuta, na we anyuranganya i Gileyadi no mu bg’aba Manase, aca i Misipe h’i Gileyadi, avay’ aragenda ngw aje mu Bamoni.


Kandi na Rusi Umunyamowabukazi, yari muka Mahaloni, ndamuguze ngw abe umugore wanje, ngo mponore umuhisi, ishamvu ntive kw izina ryiwe, izina ry’umuhisi ryoye kuzimangana muri bene wabo, no ku marembo y’igisagara cabo: mbatanzekw ivyabona uyu musi.


Abagore b’ababanyi biwe bamwita izina, bati Nawomi avyariwe umuhungu. Bamwita Obedi, ni we se wa Isayi, se wa Dawidi.


Sauli amaze kuja ku ngoma ngw aganze Abisirayeli, arwanya abansi biwe bose impande zose, Abanyamowabu n’Abamoni n’ Abanyedomu, n’abami b’i Zoba, n’Abafilisitiya; yagenda anesha aho yatumbera hose.


Kand’ umuntu wese yari mu magorwa, n’ūrin’umwenda, n’ūgendana imyidogo bakoranira kuri we, aba umukuru wabo; nukw abo bantu bāri kumwe na we bāri nk’amajana ane.


Nukw abashikiriza umwami w’i Mowabu; baba i we igihe cose Dawidi yamaze mw isenga.


Nuko Samweli amudōndera vyose, ntiyagira ico amuhisha. Maze Eli aravuga, ati N’Uhoraho: n’akore ico ashima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ