Dawidi aramubarira, ati Mpore nta co utinya, kuko ntazobura kukugirira neza kubga so Yonatani, kandi nzogusubiza amatongo yose ya sogokuru Sauli, kand’ uzohora urīra ku meza yanje na ntaryo.
Maz’ umwami abarira Abiyatari umuherezi, ati Hoji genda, subira i Anatoti mw ishamvu yawe; war’ ukwiye gupfa, arik’ ubu sinkwica, kuko wagenda ureruye isandugu y’Uhoraho Imana imbere ya data Dawidi, kandi kuko wababarana na we mu vyamubabaje vyose.
Aramubarira, ati Reka gutinya, kuk’ ukuboko kwa data Sauli kutazogushikīra; kand’ uzoba umwami w’Abisirayeli, nanje nzoba uwa kabiri kuri wewe; kandi data Sauli na we arabizi.