Kandi hari haje Abiyatari, na Sadoki na we ni ho yar’ ari, n’Abalewi bose bareruye isandugu y’isezerano ry’Imana; batereka hasi iyo sandugu y’Imana, kugeza ah’ abantu bose barangirije kuva ku murwa.
Ngo Kandi ni hagira umuntu wo kuri wewe azosigara atamukūye ku gicaniro ciwe, na ho nyene bizoba ar’ ugusigara akobotse amaso, atuntuye mu mutima; ngo Kand’ ab’ uruvyaro rw’inzu yawe bose bazogenda bapfa bakenyutse.