2 Kand’ umuntu wese yari mu magorwa, n’ūrin’umwenda, n’ūgendana imyidogo bakoranira kuri we, aba umukuru wabo; nukw abo bantu bāri kumwe na we bāri nk’amajana ane.
Bukeye Dawidi aja i Misipa h’i Mowabu, asaba umwami w’i Mowabu, ati Ndakwinginze, wemerere data na mama bimukire ino, babe i wawe gushitsa aho nzomenyera ico Imana izongirira.