Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 22:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kand’ umuntu wese yari mu magorwa, n’ūrin’umwenda, n’ūgendana imyidogo bakoranira kuri we, aba umukuru wabo; nukw abo bantu bāri kumwe na we bāri nk’amajana ane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 22:2
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ at’ Urazi so n’ingabo ziwe kw ar’ abahizi, kandi baramaze kuraka nk’idubu isahuriwe abana mu gahinga. Bitayeko, so n’umuntu amenyereye ivy’ intambara, ntiyopfa kurāra mu ngabo.


Kandi mu bihe vya kera, hamwe Sauli yar’ umwami wacu, ni wewe wajana Abisirayeli gutabara, mugatabarukana. Kand’ Uhoraho yarakubgiye kw ari wewe uzoragira abantu biwe b’ Abisirayeli, kandi k’uzoba segaba wabo.


riti Subira inyuma, ubarire Hezekiya segaba w’abantu banje, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: uti Ngo Yumvise ugusenga kwawe, abonye n’amosozi yawe; ut’ Eh’ azogukiza; uti Maze ku musi ugira gatatu uzodūga uje mu ngoro yiwe.


Bukeye haza umugore kuri Elisa; umugabo wiwe yar’ uwo mu biga ivy’ ukuvugishwa; aramutakambira, at’ Umusavyi wawe, ari we mugabo wanje, yarapfuye; kand’ urazi ko yubaha Uhoraho. Non’ ūtwishuza araje, kand’ agomba gutwara abahungu banje bompi ngw abagire abagurano biwe.


Ikiboreza ugihe ūri hafi gupfa, Na vino uyihe ūfise akabonge mu mutima:


Uhereye mu gihe ca Yohana Umubatizi ugashitsa n’ubu barabandanira ubgami bgo mw ijuru, ababandana babunyakurisha ubuhizi.


Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura;


Kukw iyo, (ni yo yaremewe vyose kandi ni yo ibeshejeho vyose), mu kurōngōra abana benshi ngw ibazane mu bgiza, vyari biyikwiye gutunganisha rwose indōngōzi y’agakiza kabo kubabazwa.


Maze Yefuta aca ahunga bene se, aragenda aba mu gihugu c’i Tobu; abantu b’ imburakimazi bakoranira kuri we, bakagenda bambura abantu.


Abadani baramwishura, bati Ntusubire kudusemerera inyuma, bamwe muri twebge bohava bashangashirwa, bakabagwako, bakakwicana n’abo mu rugo rwawe!


Maze Hana asenga Uhoraho afise intuntu, arira cane,


Bukeye Dawidi aja i Misipa h’i Mowabu, asaba umwami w’i Mowabu, ati Ndakwinginze, wemerere data na mama bimukire ino, babe i wawe gushitsa aho nzomenyera ico Imana izongirira.


Nuko Dawidi ahagurukana n’ingabo ziwe, zari nk’ amajana atandatu, bava i Keyila, bagenda bayerēra hirya no hino. Hanyuma babarira Sauli ko Dawidi yahunze akava i Keyila; aca asigaho ntiyaja gutera.


Nuko Dawidi abarira abantu biwe, at’ Umuntu wese n’ahagatire inkota yiwe. Nuk’ umuntu wese ahagatira inkota, na Dawidi na we ahagatira iyiwe; nukw abantu nk’ amajana ane badūgana na Dawidi, abagiye imbere; arikw abandi amajana abiri basigara ku bintu.


Maze Dawidi agira intuntu nyinshi, kukw abantu bāvuga nk’abagomba kumutera amabuye; bose bāri n’akabonge kubg’ abana babo b’abahungu n’abakobga; ariko Dawidi arīremēsha, yisunze Uhoraho Imana yiwe.


at’ Ejo nka magingo aya nzokurungikira umuntu avuye mu gihugu c’Ababenyamini; uz’ umwimikishe amavuta, abe umwami w’abantu banje Abisirayeli. Ni we azokiza abantu banje, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya; kuko nitegereje abantu banje, kand’ ugutaka kwabo kwanshitseko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ