Ni co gituma hazoba imivurungano mu bgoko bganyu, kand’ ibihome vyanyu vyose bizosangangurwa, nk’uko Shalumani yasanganguye Beti‐Arubeli ku musi w’intambara, ah’ umuvyeyi yavunaguranwa n’abana biwe.
Ati Kand’ igisagara n’ibiri muri co vyose bicitse inyegu y’Uhoraho; mugabo Rahabu, umwe maraya, abe ari we arokoka, bo n’abari mu nzu yiwe bose, kuko yanyegeje za ntumwa twatuma.
Ariko Sauli n’ingabo ziwe baziguriza Agagi, bo n’ibirusha ibindi ubgiza mu ntama no mu nka no mu mashūri anuze no mu myagazi y’intama, mber’ ivyiza‐vyiza vyose, banka kubigeseza rwose; arikw ibigayitse vyose n’ ibitagira ico bimaze aba ari vyo bageseza rwose.
Maze Dawidi aja i Nobu kwa Ahimeleki umuherezi; Ahimeleki aza kumusanganira ahinda agashitsi; aramubaza, ati Vyagenze bite, k’uri wenyene ata waguherekeje?