1 Samweli 22:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)17 Umwami araheza abarira abashibamyi bamukikije, ati Ni mukūre hasi, mwice abo baherezi b’Uhoraho, kuko bāfatanye agatoke na Dawidi, kandi bāri bazi ko yahunze, ntibabimbarire. Arikw abo bantu b’umwami ntibemera gukoza amaboko kur’ abo baherezi b’ Uhoraho. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Arikw abantu babarira Sauli, bati None Yonatani yopfa, kand’ ari we yahaye Abisirayeli ugutsinda kungana gurtyo? Biragahera! Turahiye uguhoraho kw’Uhoraho yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe kazohara ngo gakorokere hasi; kuko ku vyabaye uyu musi yafatanije n’Imana. Uko ni kw abantu bākijije Yonatani ngo ntāpfe.