Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 22:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Umwami araheza abarira abashibamyi bamukikije, ati Ni mukūre hasi, mwice abo baherezi b’Uhoraho, kuko bāfatanye agatoke na Dawidi, kandi bāri bazi ko yahunze, ntibabimbarire. Arikw abo bantu b’umwami ntibemera gukoza amaboko kur’ abo baherezi b’ Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 22:17
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma y’ivyo, Abusalomu yironderera umukogote n’amafarasi, n’abantu mirongwitanu bo kumwiruka imbere.


Hanyuma Adoniya umwana wa Hagita arishira hejuru, aravuga, ati Ni jewe nzoba umwami. Yironderera imikogote n’abagendera ku mafarasi, n’abantu mirongwitanu bo kumwiruka imbere.


Maz’ umwami Rehobowamu acurisha izindi nkinzo mu miringa zo gusubira mu gishingo cazo, azizēza abakuru b’ abashibamyi bāshibama ku gisapfu c’ingoro y’umwami.


ushime, aho Yezebeli yahonnya abavugishwa b’Uhoraho, Obadiya yahitanye abavugishwa ijana, arabanyegeza, mirongwitanu mw isenga rimwe, yindi mirongwitanu mu rindi, akabagaburira ivyo kurya n’amazi.


Maz’ ahejeje kwosa ibimazi, abarira abashibamyi n’abagabisha, ati Ni mwinjire mubice, ntihagire ūbasohokana n’ umwe. Nuko babaririkisha inkota. Maz’ abo bashibamyi n’abo bagabisha babakwegera hanze, baja hirya i budashikwa mur’ iyo ngoro ya Bayali.


Arikw abo bākirizi bubaha Imana, ntibagira nk’uk’ umwami wa Egiputa yabageze, bareka n’ abana b’abahungu.


Petero na Yohana barabishura, bati Namb’ ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye:


Arikw abantu babarira Sauli, bati None Yonatani yopfa, kand’ ari we yahaye Abisirayeli ugutsinda kungana gurtyo? Biragahera! Turahiye uguhoraho kw’Uhoraho yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe kazohara ngo gakorokere hasi; kuko ku vyabaye uyu musi yafatanije n’Imana. Uko ni kw abantu bākijije Yonatani ngo ntāpfe.


Ngw Ehe rāba, imisi igiye kuza, akūreh’ inkomezi zawe, n’iz’ ab’ inzu ya sogokuruza, hoye kugira uwo mu nzu yawe azoba agishika mu zabukuru.


Sauli amutera icumu ngw amwice; bituma Yonatani amenya ko se yamaramaje kwica Dawidi.


Sauli aramubaza, ati N’iki catumye mungīra inama, mwe na mwene Isayi, ukamuha ivyo kurya n’inkota, ukamusiguriza Imana, ngw ankūrire hasi, abe umwansi wanje, nk’uko bimeze ubu?


Umwami aramwishura, ati Nta kabuza, ntugenda udapfuye, mwe n’ab’ inzu ya so bose.


None rer’ ubimenye, wiyumvire ico wokora, kuko hagiye kuba ivyago kuri databuja no ku rugo rwiwe rwose, kand’ ar’ umuntu w’umugesera, ata woshobora kugira ico amubgira.


Aravuga, at’ Umve ubugene umwami agiye kubaganza azobagirira: azofata abahungu banyu abashinge gukora ivy’ imikogote yiwe n’ivy’ amafarasi yiwe, no kwiruka imbere y’imikogote yiwe;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ