Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 22:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Umwami aramwishura, ati Nta kabuza, ntugenda udapfuye, mwe n’ab’ inzu ya so bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 22:16
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ushime, aho Yezebeli yahonnya abavugishwa b’Uhoraho, Obadiya yahitanye abavugishwa ijana, arabanyegeza, mirongwitanu mw isenga rimwe, yindi mirongwitanu mu rindi, akabagaburira ivyo kurya n’amazi.


Yezebeli araheza atuma intumwa kuri Eliya, ut’ Ejo nk’aya mango wewe ubgawe, uti N’atakugira nk’uko wagize abo, ut’ Imana zirakabimuhanira kandi birushirije!


Arikw abona yuko gufata Moridekayi wenyene ata kimazi, kuko bari bamubgiye ubgoko bga Moridekayi ubg’ ari bgo; ni co catumye Hamani arondera uburyo bgo kugeseza Abayuda bose bāri mu bihugu vyose vy’umwami Ahasuwerusi, ari bo bgoko nyene bga Moridekayi.


Ūtwaza ituntu abantu b’abafafara Ameze nk’intambge yivuga, n’igikōko citwa idubu yābagizwa n’inzara.


Ivyo bitera umwami kuraka, arashangashirwa rwose, agera ko bageseza abanyabgenge b’i Babuloni bose.


Nuk’ umwami yishura Abakaludaya, ati Vyamvuyeko: kandi ni mutammenyesha izo nzozi n’ingene zisobanurwa, muzohimbagurwa, kand’ ingo zanyu zizosigara ar’ amatongo.


Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge.


Herode amurondeye amubuze, acunaguza abateramyi, avuga ko babajana kubica: maz’ ava i Yudaya amanuka i Kayisariya, agumayo.


Abavyeyi ntibaze bicwe bazize abana babo, kand’ abana ntibaze bicwe bazize abavyeyi: umuntu wese az’ azire iciwe caha.


Sauli aramwishura, ati Ni wagenda udapfuye ga Yonatani, Imana ibimpanire, mbere birushirije.


Erega mwene Isayi agihumeka, nta guhangama kwawe, nta n’ugutsindaza kw’ingoma yawe. Nuko tuma bamunzanire; n’ukuri azopfa nta kabuza!


Ugira ngo ni bgo bga mbere kumusiguriza Imana? Ntibikabeho ko nokora nk’ivyo! Mugenzi, ntunshirekw ikintu nk’ico, jewe umusavyi wawe, canke ku b’inzu ya data iyo bava bakagera; kukw ata kintu na kimwe nari nzi mur’ ivyo vyose.


Umwami araheza abarira abashibamyi bamukikije, ati Ni mukūre hasi, mwice abo baherezi b’Uhoraho, kuko bāfatanye agatoke na Dawidi, kandi bāri bazi ko yahunze, ntibabimbarire. Arikw abo bantu b’umwami ntibemera gukoza amaboko kur’ abo baherezi b’ Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ