Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 22:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ahimeleki yishura umwami, ati Mbega none mu basavyi bawe bose har’ uwoba umwizigirwa nka Dawidi umukwe w’ umwami, ari we aganza abagushibamira, akaba umunyacubahiro mu rugo rwawe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 22:14
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abisirayeli baravuga, bati Ntimubona uriya mugabo adūze? Adūganywe no gucōkōra Abisirayeli, nta kindi. Umuntu yomwica, umwami azomugororera vyinshi, kand’ azomushingira umwana wiwe, akūre n’inzu ya se kw ikori mu Bisirayeli.


Ni co catumye amwigizayo, akamugira umugabisha w’ingabo igihumbi, akāma atabarana na zo amaja n’amaza.


Igihe gishinzwe kitaragera, Dawidi ahagurukana n’ingabo ziwe, yica mu Bafilisitiya abagabo amajana abiri; nuko Dawidi atabarukana ubugabo bgabo, babushikiriza umwami ukw igitigiri cabgo kingana, kugira ngo Dawidi abone kuba umukwe w’umwami. Nuko Sauli amushingira umukobga wiwe Mikali.


Maze Yonatani yishura se Sauli, ati Non’ apfa azize iki? Yakoze iki?


Dawidi yishura Ahimeleki umuherezi, at’ Umwami yantumye ku rubanza, arambarira ngo ntihagire umuntu n’umwe amenya ivy’ urwo rubanza yantumyeko, cank’ ico yangeze. Kand’ imikangara yanje nayirangiye ko tuzohūrira ahanaka.


Sauli aramubaza, ati N’iki catumye mungīra inama, mwe na mwene Isayi, ukamuha ivyo kurya n’inkota, ukamusiguriza Imana, ngw ankūrire hasi, abe umwansi wanje, nk’uko bimeze ubu?


Kandi ga muvyeyi, ehe rāba nguyu umutwe w’impuzu yawe mu ntoke zanje! Ko nacacuye umutwe w’impuzu yawe sinkwice, none rero n’umenye kand’ ushirwe kw ata kibi cank’ ubugarariji ngufiseko; kandi sinagucumuyeko, nah’ umpīga ng’ unyice.


Ndakwinginze, mpangaza jewe umuja wawe, umparire igicumuro canje: Uhoraho ntazobura guha inzu yawe kurama, kuk’ urwana intambara z’Uhoraho, mugenzi, kandi nta kibi kizokubonekako imisi yose uzoba uriho.


Uhoraho azokwishura umuntu wese ukugororoka kwiwe n’ukuyoboka kwiwe; ereg’ uyu musi Uhoraho yari yakumpaye, ndaheza nanka kubangura ukuboko ku wimikishijwe amavuta n’Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ