11 Umwami avyumvise, atuma guhamagaza Ahimeleki umuherezi, mwene Ahitubu, n’ab’ inzu ya se bose, ari bo baherezi b’i Nobu; bose bītaba umwami.
Ibirenge vyabo vyihutira kuvisha amaraso.
Maze Dawidi aja i Nobu kwa Ahimeleki umuherezi; Ahimeleki aza kumusanganira ahinda agashitsi; aramubaza, ati Vyagenze bite, k’uri wenyene ata waguherekeje?
na we amusiguriza Uhoraho, kand’ amuha impamba, amuha na ya nkota yar’ iya Goliyati Umufilisitiya.
Bashitse, Sauli aravuga, ati Wewe mwana wa Ahitubu! Na we ati Sabge mugenzi.