10 na we amusiguriza Uhoraho, kand’ amuha impamba, amuha na ya nkota yar’ iya Goliyati Umufilisitiya.
Kand’ az’ ahore ahagarara imbere ya Eleyazari umuherezi, amutume kuza imbere yanje kumbaza, apfindishije Urimu; ijambo rya Eleyazari rize ribe ari ryo ribaturutsa, ribacūre, Yosuwa n’Abisirayeli bose, mbere n’ishengero ryose.
Nuko bongera gusiguza Uhoraho, bati Mbeg’ uwo muntu yoba ataraza? Uhoraho arabishura, at’ Ereg’ arinyegeje mu bintu vy’intēkera.
Uwo musi Dawidi arahaguruka ahunga Sauli, aja kwa Akishi umwami w’i Gati.
Umwami avyumvise, atuma guhamagaza Ahimeleki umuherezi, mwene Ahitubu, n’ab’ inzu ya se bose, ari bo baherezi b’i Nobu; bose bītaba umwami.
Sauli aramubaza, ati N’iki catumye mungīra inama, mwe na mwene Isayi, ukamuha ivyo kurya n’inkota, ukamusiguriza Imana, ngw ankūrire hasi, abe umwansi wanje, nk’uko bimeze ubu?
Ugira ngo ni bgo bga mbere kumusiguriza Imana? Ntibikabeho ko nokora nk’ivyo! Mugenzi, ntunshirekw ikintu nk’ico, jewe umusavyi wawe, canke ku b’inzu ya data iyo bava bakagera; kukw ata kintu na kimwe nari nzi mur’ ivyo vyose.
Maze Dawidi arongera arabaza, ati Non’ abantu b’i Keyila bazontanga twe n’ingabo zanje mu maboko ya Sauli? Uhoraho aramwishura, ati Bazogutanga.
Nuko Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega nje kurwanya abo Bafilisitiya? Uhoraho yishura Dawidi, ati Genda ubarwanye, utabare ab’i Keyila.
Nuko Dawidi yongera gusiguza Uhoraho. Uhoraho aramwishura, ati Haguruka umanuke uje i Keyila, kuko nzogabura Abafilisitiya mu maboko yawe.
Dawidi araheza asiguza Uhoraho, ati Mbega ni nakurikira ico gitero nzogihamvya? Aramwishura, ati N’ubakurikire, kuk’ utazobura kubahamvya, ukabāka vyose.