Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 21:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Dawidi abaza Ahimeleki, ati Mbega nta cumu wogira hano cank’ inkota? Nta nkota nazanye cank’ ikindi kirwanishwa, kuk’ urubanza rw’umwami rwar’ urwo kwihuta.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 21:8
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw izo ntumwa ziri kuri ya mafarasi atebuka, akoreshwa ibikorwa vy’umwami, zigenda zihuta, zitewe umwete n’ ukwihanikirizwa n’umwami; ico cagezwe camamara no ku murwa i Shushani.


Ntimujane umupfuko w’amahera, cank’ isaho, cank’ inkweto: kandi ntihagire n’uwo muramukanya mu nzira.


Kur’ uwo musi nyene hār’ umuntu umwe wo mu basavyi ba Sauli yari yashībijwe ngw agume imbere y’Uhoraho, yitwa Dowegi w’Umunyedomu, yar’ umubgiriza w’abungere ba Sauli.


Uwo muherezi aramwishura, ati Ya nkota ya Goliyati wa Mufilisitiya watsinda mu mwonga Ela, ehe ngiyi iri hano, izingiriwekw impuzu inyuma ya efodi; ni wagomba kuyijana, uyijane, kukw ata yindi iri hano atar’ iyo. Dawidi aramwishura, ati Nta yiruta iyo; yimpe.


Dawidi abarira Abiyatari, ati Wa musi, aho nabona Dowegi Umunyedomu, namenye kw atazobura kubibarira Sauli: abo mu nzu ya so bose ni jewe bazize.


Maze Dowegi w’Umunyedomu, yar’ ahagararanye n’abo bagendanyi ba Sauli, yishura umwami, ati Narabonye mwene Isayi uwo aza i Nobu kwa Ahimeleki mwene Ahitubu;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ