Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 21:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kur’ uwo musi nyene hār’ umuntu umwe wo mu basavyi ba Sauli yari yashībijwe ngw agume imbere y’Uhoraho, yitwa Dowegi w’Umunyedomu, yar’ umubgiriza w’abungere ba Sauli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 21:7
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abungere b’i Gerari batonganira ayo mazi n’ abungere ba Isaka, bat’ Aya mazi n’ayacu! Isaka yita iryo riba Eseki, kuko bāritātiye.


Shiturayi w’i Sharoni ni we yar’ umutongore w’amasho yar’ i Sharoni nyene; kandi Shafati mwene Adulayi ni we yar’ umutongore w’ amasho yari mu biyaya;


Yazizi Umuhaguri ni we yar’ umubgiriza w’imikuku. Abo bose ni bo bāri bajejwe ivy’ itunga ry’umwami Dawidi.


Kandi yubaka iminara no mu bugaragwa, yimbisha n’ivyobo vyinshi vyo kubīka amazi, kuko yar’ afise amasho menshi mu gihugu gishashe no mu biyaya; yar’ afise n’abarimyi n’abazi gutunganya imizabibu mu misozi no mu matongo amera cane, kuko yar’ umurimyi.


Maze baza kuri wewe nk’ ukw abantu basanzwe baza, bakicara imbere yawe nk’ah’ ar’ abantu banje, bakumviriza amajambo yawe, ariko ntibayakore: kuko berekanisha akanwa kabo urukundo rwinshi, yamar’ imitima yabo ikurikira ukwiyungukira kwabo.


Ntihaze hagire ūtar’ uwo mu baherezi arya ku kintu cejejwe; umushitsi arāriye umuherezi, cank’ umucangero, ntaz’ arye ku kintu cejejwe.


Arik’ umukobga w’umuherezi apfakaye canke yirukanywe, atagira umwana, akaba igisubiramuhira mu rugo kwa se, akamera nk’uko yahoze mu bgana bgiwe, we azorya ku vyo kurya vya se: arik’ ūtar’ uwo mu baherezi ntaz’ abiryeko.


Kandi wābīre ifu igogōretse, uyicumbemw’ imitsima cumi n’ ibiri: mu bigiracumi bibiri vy’ ingero yitwa efa havemw’ umutsima umwe‐umwe.


Ukw isabato itashe, Aroni az’ ayitereke imbere yanje na ntaryo kubg’ Abisirayeli, bibe isezerano ritazoshira.


mukavuga, muti Mbeg’ imboneko z’ukwezi zizoshira ryari, ngo tubone kwishōrera amahonda, cank’ isabato, ngo tubone gutundurura ingano ngo tugure, ngo dutūvye ingero yitwa efa, tugwize shekeli, duhendanishe iminzane y’ibinyoma;


at’ Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, Arikw imitima yabo iri kure yanje.


Ako kanya Sauli araza yimirije inka zivuye kurima, arabaza, ati Habaye iki kw abantu barira? Bamubarira inkuru ab’i Yabeshi bazanye.


Sauli amaze kuja ku ngoma ngw aganze Abisirayeli, arwanya abansi biwe bose impande zose, Abanyamowabu n’Abamoni n’ Abanyedomu, n’abami b’i Zoba, n’Abafilisitiya; yagenda anesha aho yatumbera hose.


Dawidi abaza Ahimeleki, ati Mbega nta cumu wogira hano cank’ inkota? Nta nkota nazanye cank’ ikindi kirwanishwa, kuk’ urubanza rw’umwami rwar’ urwo kwihuta.


na we amusiguriza Uhoraho, kand’ amuha impamba, amuha na ya nkota yar’ iya Goliyati Umufilisitiya.


Dawidi abarira Abiyatari, ati Wa musi, aho nabona Dowegi Umunyedomu, namenye kw atazobura kubibarira Sauli: abo mu nzu ya so bose ni jewe bazize.


Maze Dowegi w’Umunyedomu, yar’ ahagararanye n’abo bagendanyi ba Sauli, yishura umwami, ati Narabonye mwene Isayi uwo aza i Nobu kwa Ahimeleki mwene Ahitubu;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ