3 Mbega nta kazimano? Ntabaza udutsima dutanu, cank’ ico wobona cose.
Ico gihe umuntu azofata uwo bavukana mu rugo rwa se, amubgire, ati Kw ari wewe ufise imyambaro, ba ari wewe utuganza, n’ibi bitongozi abe ari wewe ubitwara.
Icompa nkaba ari jewe mbaganza! Nokūraho Abimeleki! Nobarira Abimeleki, nti Gwiza ingabo zawe, uheze uze, uransanga!
Dawidi yishura Ahimeleki umuherezi, at’ Umwami yantumye ku rubanza, arambarira ngo ntihagire umuntu n’umwe amenya ivy’ urwo rubanza yantumyeko, cank’ ico yangeze. Kand’ imikangara yanje nayirangiye ko tuzohūrira ahanaka.
Uwo muherezi yishura Dawidi, ati Nta mitsima isanzwe mfise, atar’ iyejejwe; n’imiburiburi iyaba iyo mikangara idaherūkanye n’ abagore.