14 Akishi abarira abo bantu biwe, at’ Aho ntimubona k’uyo muntu yasaze? Icatumye mumunzanira n’iki?
Nzokwama mpimbaza Uhoraho ibihe vyose, Ishimwe ryiwe rizoba mu kanwa kanje urudaca.
N’ukuri kugunga guhindura umunyabgenge igipfu, kand’ impēra izimiza ubgenge.
Araheza yigira ukundi imbere yabo, yisarishiriza muri bo, aharamba inzugi z’irembo, akarekura urukonda rugashororokera mu bganwa.
Mbega har’ abasazi nari nkennye mu ko munzanira uru rugabo kunsarira imbere? Urugabo nk’uru rwongīra mu nzu?