12 Ayo magambo atuma Dawidi ahagarika umutima, agirira Akishi umwami w’i Gati ubgoba bginshi.
abantu baho bamubaza ivy’ umugore wiwe; arabishura, ati Ni mushikanje; kuko yatinye kuvuga kw ar’umugore wiwe, ngw abantu baho bomwica kubga Rebeka, kuko yari mwiza w’umunyakaranga.
Nabītse ijambo ryawe mu mutima wanje Ngo noye kugucumurako.
Narondeye Uhoraho, aranyitaba, Ankiza ubgoba nari mfise bgose.
Igihe cose ntinye Nzokwizigira.
Ariko Mariya abīka ayo majambo yose, ayiyumvira mu mutima wiwe.
Amanukana na bo, aja i Nazareti, yama abumvira. Nyina abīka ayo majambo yose mu mutima wiwe.
Mur’ ukwo kuvyina, abagore bāgenda baritabiriza, bati Sauli yishe ibihumbi, Dawidi we yica ibihumbi indiri.
Uwo musi Dawidi arahaguruka ahunga Sauli, aja kwa Akishi umwami w’i Gati.
Araheza yigira ukundi imbere yabo, yisarishiriza muri bo, aharamba inzugi z’irembo, akarekura urukonda rugashororokera mu bganwa.