10 Uwo musi Dawidi arahaguruka ahunga Sauli, aja kwa Akishi umwami w’i Gati.
Eliya aca aterwa n’ubgoba, akūra hasi, arahunga ngw akize amagara, aja i Beri‐sheba h’i Buyuda, ahasiga umuntu wiwe.
Mana, ngirira ikigongwe, kukw abantu bashaka kummira; Biriza umusi bandwanya bampahaza.
Maz’ umwami Yehoyakimu n’intōre ziwe zose n’abaganwa bose, bumvise amajambo yiwe, umwami ashaka kumwica; ariko Uriya avyumvise, agira ubgoba, arahunga, aja muri Egiputa;
Sauli n’Abisirayeli na bo barakorakorana, basagaza ku mwonga Ela, batonda urugamba ngo barwanye Abafilisitiya.
Maze Dawidi arirukanga, amuhagarara hejuru, asūmira inkota yiwe, ayimusokōra mu rwubati, aramuhohosha, amuca izosi. Maz’ Abafilisitiya babonye umuhizi wabo apfuye, baca baratemesha.
na we amusiguriza Uhoraho, kand’ amuha impamba, amuha na ya nkota yar’ iya Goliyati Umufilisitiya.