1 Maze Dawidi aja i Nobu kwa Ahimeleki umuherezi; Ahimeleki aza kumusanganira ahinda agashitsi; aramubaza, ati Vyagenze bite, k’uri wenyene ata waguherekeje?
Ingene yinjiye mu nzu y’Imana, mu misi ya Abiyatari umuherezi mukuru, akarya imitsima y’ibiterekērwa, ar’ umuziro kuribga, ukūye abaherezi, akayihako n’abāri kumwe na we?