Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 20:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nuko rer’ ungirire neza, jewe umusavyi wawe, kuko wansezeraniye isezerano imbere y’Uhoraho. Ariko namba har’ igicumuro mfise, n’unyiyicire ubgawe: n’iki cotuma urinda kunshīra so?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 20:8
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko ni mwemera kugirira databuja ivyiza mu buryo bukwiye, ni mumbarire; mutavyemeye, na ho nyene mumbarire, ngo mmenye ico nkora.


Nukw igihe co gupfa kwa Isirayeli kiri hafi, ahamagaza umwana wiwe Yosefu, aramubarira, ati Ni waba uzongirira neza, ndakwinginze, n’ushire ukuboko kwawe musi y’ikibero canje, wemere kunyobokera, no kumbera umwizigirwa. Ndakwinginze, ntuz’ umpambe muri Egiputa:


Abusalomu yishura Yowabu, ati N’uko nagutumyeko ng’uze hano ngutume ku mwami, ukanka; kwar’ ukugira ng’umumbarize icanzanye nkava i Geshuri; ut’ Iciza kwar’ uko yopfumye agumayo: none rero ndagomba kurenguka imbere y’umwami; kandi namba har’ ibigabitanyo mfise, apfume anyica.


Dawidi arasohoka, arabasanganira; arababarira, ati Namba muzanywe n’amahoro, muje kuntabara, umutima wanje uzomatana n’iyanyu; na ho namba muje kundaha, ngo mundangire abansi banje, kand’ ata kibi nakoze, Imana ya ba sogokuruza n’ibirābe, iducire urubanza.


Nkavuga ndandamutse, Nt’ Abantu bose n’abanyabinyoma.


Ubuntu n’ukuri ntibikuveko, Ubipfundike mw izosi ryawe, uvyandike ku gisate, ni co mutima wawe:


Nuko namba naragabitanije, canke narakoze ibikwiye kunyicisha, sinanka gupfa: ariko namb’ ivyo aba bandega atari ko biri, nta muntu ashobora kubampa. Nzokwitwara kuri Kayisari.


Abo bantu baramwishura, bati Ni mutatuvuga, amagara yacu mukijije natwe ntituzobura gukiza ayanyu. Maz’ Uhoraho ni yaduha iki gihugu, tuzokugirira neza, ntituzoguhemukira.


bat’ Uhoraho Imana nyamana, Uhoraho Imana nyamana irabizi, kand’ Abisirayeli na bo bazobimenya! Namba twabikoreshejwe n’ubugarariji canke n’uguhemukira Uhoraho, uyu musi ntimusige mutatwishe!


Nawomi abgira abakazana biwe bompi, ati Ni mugende, musubire mu mazu ya ba nyoko: Uhoraho abagirire neza, nk’uko mwagiriye neza abahisi, bo nanje.


Nuko Dawidi amaze kugānīra na Sauli, umutima wa Yonatani uca ufatana n’uwa Dawidi akaramata, Yonatani amukunda nk’uko yikunda.


Bukeye Yonatani asezerana isezerano na Dawidi, kuko yar’ amukunze nk’uko yikunda.


Nuko Yonatani asezerana isezerano n’inzu ya Dawidi, ati Ni waricamwo, Uhoraho azoriguhōra atumye abansi bawe.


Yonatani aramwishura, ati Biragahera! None nomenya ko data afise inama yo kukugirira nabi, sinoca ndabikubgira?


Bompi baraheza basezeranira isezerano imbere y’Uhoraho; maze Dawidi yigumira i Horeshi, Yonatani asubira i we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ