Nukw igihe co gupfa kwa Isirayeli kiri hafi, ahamagaza umwana wiwe Yosefu, aramubarira, ati Ni waba uzongirira neza, ndakwinginze, n’ushire ukuboko kwawe musi y’ikibero canje, wemere kunyobokera, no kumbera umwizigirwa. Ndakwinginze, ntuz’ umpambe muri Egiputa:
Nuko namba naragabitanije, canke narakoze ibikwiye kunyicisha, sinanka gupfa: ariko namb’ ivyo aba bandega atari ko biri, nta muntu ashobora kubampa. Nzokwitwara kuri Kayisari.