7 Maze ni yavuga, ati Nuko ni vyiza; umusavyi wawe nzoba nd’ amahoro; ariko ni yaraka, uzoca umenya ko yamaramaje ivyo kuzongirira nabi.
Iyo nama Abusalomu arayishima cane, n’abakuru b’Abisirayeli na bo n’uko.
Umwami aca ahagurukana uburake, ava ku giturire ca vino, arasohoka aja mu nyubakwa yo ku ngoro; Hamani na we ava hasi ngw asabire agatwe kiwe ku mwamikazi Esiteri; kuko yar’ abonye k’umwami amaramaje kumwica.
Iyo nama nca ndayishima, mbatoranyamw’ abantu cumi na babiri, umwe‐umwe ukw imiryango yanyu ingana.
Sauli amutera icumu ngw amwice; bituma Yonatani amenya ko se yamaramaje kwica Dawidi.
Yonatani aramwishura, ati Biragahera! None nomenya ko data afise inama yo kukugirira nabi, sinoca ndabikubgira?
None rer’ ubimenye, wiyumvire ico wokora, kuko hagiye kuba ivyago kuri databuja no ku rugo rwiwe rwose, kand’ ar’ umuntu w’umugesera, ata woshobora kugira ico amubgira.