Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 20:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Nuk’ uwo mwana amaze kugenda, Dawidi asokoroka aho yar’ ari i ruhande ya ca gihongo, akubita inkoro hasi, amwunamira gatatu; maze baragūmbīrana, bararira, ariko Dawidi we ararushiriza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 20:41
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yakobo agūmbīra Rakeli, araheza araturika ararira.


Nuko Labani yumvise inkuru ya Yakobo mwishwa we, arirukanga, aramusanganira, amugwa mu nda aramugūmbīra, amujana i we. Na we adondera Labani ivyabaye vyose.


Esau ariruka aramusanganira, amugwa mu gikiriza, amurenganyakw amaboko, aramugūmbīra: baca bararira.


Kandi Yosefu yari yagizwe segaba w’igihugu ca Egiputa; ni we yasumira abo mur’ ico gihugu bose; nuko bene se ba Yosefu baraza, bakubita inkoro hasi, baramwunamira.


Baramwishura, bat’ Ego me, umusavyi wawe aracariho, aragumye. Bicisha bugufi, baramwunamira.


Agūmbīra bene se bose, abaririrako; hanyuma y’ ivyo bene se bararemerana, bayāga na we.


ku musi ugira gatatu haza umuntu avuye aho Sauli yar’ ashagaje, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe; ashitse imbere ya Dawidi akubita inkoro hasi, aramwunamira.


Unteye akabonge, ncuti yanje Yonatani! Ewe kuntu nagukunda! Urukundo wankunda rwar’ igitangaza, Rwaruta urukundo rw’abagore.


Uwo mugore w’i Tekowa ashikiriye umwami, akubita inkoro hasi, aramwunamira, aramubarira, ati Ntabara, mugenzi.


Nukw abantu bose bajabuka Yorodani; n’umwami na we arajabuka. Maz’ umwami agumbira Baruzilayi, aramuhezagira; aca yisubirira i we.


Nuko Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli arenguka imbere ya Dawidi; akubita inkoro hasi, aramwunamira. Maze Dawidi aravuga, ati Mefibosheti! Aritaba, ati Sabge!


Maze Batisheba akubita inkoro hasi, yunamira umwami. Umwami aramubaza, at’ Ugomba iki?


Babarira umwami, bat’ Ūvugishwa n’Imana Natani nguyu hano. Arengutse imbere y’umwami, akubita inkoro hasi, aramwunamira.


Maze Batisheba akubita inkoro hasi, yunamira umwami Dawidi, aravuga, at’ Uragahora ku ngoma, mwami wanje nyen’ ingoma.


Bose bararira cane, bagwa Paulo mw izosi, baramugumbira:


Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?


Bukeye Yonatani asezerana isezerano na Dawidi, kuko yar’ amukunze nk’uko yikunda.


Maze Yonatani aha uwo mwana umuheto wiwe n’imyampi, aramubarira, ati Hogi bijane mu gisagara.


Nuko Dawidi aramubaza, ati N’iki gituma uja ku vyo abantu bakubarira, ngo Dawidi agomba kukugirira nabi?


Nuko Abigayili abonye Dawidi, ava ku ndogoba yiwe vuba, akubita inkoro hasi, aramwūnamira;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ