4 Maze Yonatani yishura Dawidi, at’ Ico ugomba cose nzokigukorera.
Dawidi aramwishura, at’ Erega so azi neza ko ngutonnyeko; ni co catumye yiyumvira, ati Yonatani ntābimenye ngo bimubabaze. Ariko vy’ukuri, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, har’ agatambuko kamwe gusa hagati yanje n’urupfu.
Dawidi aramwishura, at’ Ejo ukwezi kuzoboneka, kandi nta cari gikwiye kumbuza gusangira n’umwami; ariko ndekura ngende ninyegeze ku musozi, gushitsa ku musi ugira gatatu ku mugoroba;