38 Yongera kumutera akamo, ati Bandanya unyaruke, ntuhagarare. Nuko nya mwana wa Yonatani atora imyampi, agaruka aho shebuja ari.
Nya mwana ashitse aho Yonatani arashe umwampi, Yonatani amutera akamo, ati Mbega nta wo ubona hiyo yawe?
Arik’ uwo mwana ntiyagira ico amenya; Yonatani na Dawidi bonyene ni bo bāri babizi.