35 Bukeye mu gitondo Yonatani aja kuri wa musozi mu gihe yaraganye na Dawidi, ari kumwe n’ umwana mutoya.
Nuko Amasa aja guhamagara Abayuda; arikw arenza imisi umwami yamubariye.
Maze ku musi ugira gatatu, uz’ uce umanuka vuba, usubire ha handi wari winyegeje ku musi wa vya bindi, ugume hambavu ya ca gihongo c’amabuye.
Maze Yonatani aca ava ku meza afise ishavu ryinshi; kur’ uwo musi ugira kabiri w’ukwezi ntiyagira ico atamira na mba, kuko yababajwe n’ivya Dawidi, kandi n’uko se amutētereje.
Maz’ abarira uwo mwana, at’ Irukanga utore imyampi ngira ndase. Umwana aciruka, Yonatani arekura umwampi, uramurēngāna.