33 Sauli amutera icumu ngw amwice; bituma Yonatani amenya ko se yamaramaje kwica Dawidi.
Maze ni yavuga, ati Nuko ni vyiza; umusavyi wawe nzoba nd’ amahoro; ariko ni yaraka, uzoca umenya ko yamaramaje ivyo kuzongirira nabi.
Araheza ararirekura, ati Hinge ndarisākize Dawidi, rirume ku nzu. Ariko Dawidi amuzibukira kabiri.
Sauli agerageza gusākiza Dawidi icumu, ngo rirume ku nzu; Dawidi ararizibukira, amuva imbere, rinega ku nzu. Nuko mur’ iryo joro nyene Dawidi arahunga, aramukira.
Maze Yonatani aca ava ku meza afise ishavu ryinshi; kur’ uwo musi ugira kabiri w’ukwezi ntiyagira ico atamira na mba, kuko yababajwe n’ivya Dawidi, kandi n’uko se amutētereje.
Nuko Salomo arondera ingene yokwica Yerobowamu, ariko Yerobowamu ava hasi, ahungira muri Egiputa kwa Shishaki umwami wa Egiputa; agumayo gushitsa Salomo atanze.