32 Maze Yonatani yishura se Sauli, ati Non’ apfa azize iki? Yakoze iki?
Yakobo araraka, atonganya Labani; aramubaza, ati Nagucumuyekw iki, nakoze icaha ki, catumye uzinga bufuri ukanyoma inyuma?
Ntugacudike n’ikirandamuke, Ntukagendane n’ikigārūke:
Ntukihutire kuraka mu mutima: kuk’ uburake bgama mu mushaha w’ibipfu.
Ubu n’ubuyobe mu bikorerwa musi y’izuba vyose, yukw iherezo rya bose ari rimwe: mbere, mu mitima y’abana b’abantu huzuyemw’ ibibi, kandi bakiriho, ubusazi buba mu mitima yabo, hanyuma bakitāhira mu bapfuye,
Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa: ni nde yowumenya?
Arababaza, ati Ku ki? Yakoze ikibi ki? Ariko barushiriza gusemerera cane, bati N’abambge.
Ababaza ubugira gatatu, ati Ku ki? Uyu yakoze ikibi ki? Simmubonakw igikwiye kumwicisha; nuko ndamukubita, ndamurekure.
ati Mbeg’ ivyagezwe vyacu biratsindisha umuntu batabanje kumwumva no kumenya ico yakoze?
Araheza ararirekura, ati Hinge ndarisākize Dawidi, rirume ku nzu. Ariko Dawidi amuzibukira kabiri.
Bukeye Yonatani avugana na se Sauli, amushimira Dawidi; aramubarira, ati Mugenzi, ntuz’ ugirire nabi Dawidi umusavyi wawe, kukw ata kibi yakugiriye; mber’ ivyo yagukoreye vyabaye vyiza cane,
kuko yahevye amagara yiwe, akica wa Mufilisitiya, Uhoraho akarokora Abisirayeli uburyo bukomeye. Nawe ubibonye uranezerwa. None n’iki kigutera kugira nabi, ukavisha amaraso y’ūtācumuye, ngo wice Dawidi umuhōye ubusa?
Nuko Dawidi arahunga, ava i Nayoti i Rama, araza abaza Yonatani, ati Mbega nzira iki? Nacumuye mu ki? Ikibi nagiriye so n’igiki, gituma arondera kunyica?
Maze ni yavuga, ati Nuko ni vyiza; umusavyi wawe nzoba nd’ amahoro; ariko ni yaraka, uzoca umenya ko yamaramaje ivyo kuzongirira nabi.
Ahimeleki yishura umwami, ati Mbega none mu basavyi bawe bose har’ uwoba umwizigirwa nka Dawidi umukwe w’ umwami, ari we aganza abagushibamira, akaba umunyacubahiro mu rugo rwawe?