Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 20:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Maz’ uburake bga Sauli buziriringira Yonatani, aramubarira, ati Wa mwana w’umugore w’intumva kandi w’inshirukanya! Mbeg’ ugira ngo sindabizi ko watoranije mwene Isayi ngo wīmāramāze, wambike na nyoko ibara?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 20:30
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ereg’ igipfu ni co cicwa n’ umwikomo, N’imburabgenge ni yo yicwa n’ishari.


Ūteba kuraka aba ar’ umunyabgenge bginshi, Arikw ikirandamuke cīhaya ubupfu.


Ururimi rw’abanyabgenge rutonyanga ubgenge bubereye, Arikw akanwa k’ibipfu gasuka ubupfu.


Uburake bg’umwami ni nk’ ukwivuga kw’intambge, Arikw ineza yiwe ni nk’ikime gihēmbūra ivyatsi.


Umuntu w’ishavu ryinshi azorihōrwa, Kandi naho womutabara uzoba ukwiye gusubīra.


Umwibone yihayagiza, izina ryiwe ni Mucokoranyi; Akorana ubugabo bg’ubgibone.


Umuntu atītāngīra mu mutima Ameze nk’igisagara gitewe gisambutse uruzitiro.


Ibuye rirarivye, umusenyi uraremereye, Arik’ umwikomo w’igipfu urusha vyompi uburemerezi.


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese azorakira mugenzi we azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza; ūzotuka mugenzi we, ngo Wa kijuju we! azoba ashikiwe no gucirwakw iteka; ūzomutuka, ati Wa gipfu we! azoba ashikiwe no gutabga mu muriro wa Gehinomu.


Umururazi wose no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose.


Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk’ Umwami wacu agomba.


yarambgiye ngo ndamutabare ndamurekure, ngo Kukw i wabo mur’ ico gisagara bazotanga ikimazi, ngo Kandi mukuru we yamutumyeko; ngo Kandi ni naba ndamugiriye neza, ngo Ndamurekure, aje kubonana na bakuru be. Ico ni co camubujije kuza ku meza yawe, mwami.


Erega mwene Isayi agihumeka, nta guhangama kwawe, nta n’ugutsindaza kw’ingoma yawe. Nuko tuma bamunzanire; n’ukuri azopfa nta kabuza!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ