Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 20:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Dawidi aramwishura, at’ Erega so azi neza ko ngutonnyeko; ni co catumye yiyumvira, ati Yonatani ntābimenye ngo bimubabaze. Ariko vy’ukuri, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, har’ agatambuko kamwe gusa hagati yanje n’urupfu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 20:3
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Itayi yishura umwami, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene mwami wanje nyen’ ingoma, ni wewe ndahiro yanje, ah’ uzoba, mugenzi, ni ho nzoba, jewe umusavyi wawe, ar’ ugupfa ar’ ugukira.


Maze Eliya abarira Elisa, at’ Enda sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye i Beteli. Elisa aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko baramanuka baja i Beteli.


Maze Eliya yongera kumubarira, at’ Enda rero Elisa, sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye i Yeriko. Aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko baja i Yeriko.


Eliya yongera kumubarira, at’ Enda sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye kuri Yorodani. Na we aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko bompi barajana.


Ingoyi z’urupfu zaranyizingiriyeko, Uburibge bg’i kuzimu bgaramfashe: Mbona ivyago n’umubabaro.


Nuk’ umwami Zedekiya arahirira Yeremiya mu mpisho, ati Nk’uk’ Uhoraho ahoraho, ari we yandemeye uyu mutima, sinkwica, kandi singutanga mu maboko y’abo bantu barondera kukwica.


kand’ uzorahira uguhoraho kwanje Uhoraho mu vy’ukuri no mu biroranye no mu bugororotsi, maz’ amahanga azohezagiranira muri jewe, kandi ni jewe azokwirata.


Muzokwama mutegekanya ibigiye kubabako, mwamane ubgoba ku murango no mw ijoro, ata kizigizigi c’uko mugikira.


Muze mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, izina ryiwe abe ari ryo murahira.


Kukw abantu bagira indahiro ūbaruta, no mu mpāri zabo zose indahiro irengeje ikaba ari yo iziheraheza.


Maze Hana aravuga, ati Mwami wanje, indahiro ni wewe nyene, erega ni jewe wa mugore nari mpagaze i ruhande yawe, mwami wanje, nsaba Uhoraho.


Igihe Sauli yabona Dawidi agiye kurwana na wa Mufilisitiya, yabajije Abuneri umugabisha w’ ingabo ziwe, ati Harya ga Abuneri, urya muhungu ni mwene nde? Na we aramwishura, ati Mugenzi, indahiro ni wewe nyene nkamumenya!


Na we aramwishura, ati Biragahera, ntuzopfa! Erega data nta co akora atambariye, ari gito ari kinini; none har’ icotuma abimpisha? Ek’ ivyo si ko biri.


Maze Yonatani yishura Dawidi, at’ Ico ugomba cose nzokigukorera.


None rero mugenzi, nk’uk’ Uhoraho yamaho, nawe ukaba uriho, Uhoraho ni we agutesheje ngo ntuvishe amaraso, ntiwīhōre ubgawe; abansi bawe, n’abarondera kukugirira nabi, barakamera nka Nabali, mugenzi!


Maze Dawidi yiyumvira mu mutima, at’ Umusi munaka, Sauli azoteba anyice; nta cosumba ko nohungira mu gihugu c’ Abafilisitiya, Sauli akampebūra, ntasubire kundondera mu gihugu cose c’Abisirayeli; uko ni ko noba ndamukize.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ